Ubuhindi: Abantu 400 bapfuye bahitanywe n’umwuzure

1 22-08-2018 - saa 18:24, vianney

Abantu bangana 400 bapfuye abaharurwa mu bihumbi nabo barata izabo inyuma yaho umwuzure uteye mu gace kitwa Kerala mu gihugu c’Ubuhindi.

Amakuru dukesha BBC amenyeshako abantu barenga umuriyoni bavuye mu ngo zabo bitumwe n’iyo myuzure baca basanzara mu nkambi zitandukanye mu gace ka Kerala kaho mu gihugu c’Ubuhindi.

Bivugwako kuva aho imvura n’umuyaga bitanguye kugabanuka murako gace,ibikorwa vyo gutabara no gutanga imfungurwa vyaciye bitangura gukorwa mu gihe mu bindi bice naho hatanguye akazi ko gukora isuku.

Mu gihe ibikorwa vyo gushingura abahitanywe n’uyo mwuzure vyatanguye,bitegekanijwe ko ata muntu azosubira mu rugo iwe uyo mwuzure utarahagarara.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
SINDAYIGAYA 2018-08-27 14:09:59

NTA kundi nukwihangana ndimwo bwira ababuze ababo nibihangane abapfuye nabo reta ibafashe kubashingura . abo mubuhidi. ndabaramutsa ndabipfuriza kwihangana kuvyababayeko, OK ntakunDI?

Kumenyekanisha