Ubuganda : Uwatoye ubuhinga bwo gupima malariya hadakoreshejwe amaraso yahawe agashimwe

3 15-06-2018 - saa 12:59, IGIHE

Umuhungu ava mu gihugu c’Ubuganda, yatanguje igikoresho gipima indwara ya Marariya hadakoreshejwe amaraso, yahawe agashimwe.

Uwo musore Brian Gitta w’imyaka 24 yaronse agashimwe ka "Royal Academy of Engineering’s Africa Prize" ku gikoresho gitora indwara ya malariya mu kwatsa umuco utukura gishizwe ku rutoke rw’uwupimwa.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko inyishu y’ivyo bipimo ishobora guca ihererekanwa kuri telefone ngendanwa mu munota umwe.

Yakoze ico gipimisho yise Matibabu, inyuma yaho uburyo bwo gupima hakoreshejwe amaraso bunaniriwe yafashwe na malariya.

Malaria niyo ndwara ihitana abantu benshi mu gihugu c’Ubuganda, Gitta akaba yarinze kwipima incuro zitatu ngo atore malariya, nkuko Shafik Sekitto ari mu batanguje igipimisho Matibabu yabwiye iradiyo BBC.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Mpenduburundi Gilberte 2018-06-26 08:54:54

Félicitations à ce jeune Brian, c’est un honneur pour l’Ouganda et pour l’Afrique

2
Prudence 2018-06-16 04:27:12

Uyo akwiye gushigikirwa kugira azogere no kubisumbaho.

3
Umuzabibu Karangwa 2018-06-15 22:30:25

Afrika Oyee Oyee !! Kutujombagura Badupima Malaria Turabiruhutse,tuvumbure Nurucasho Maze Indi Migabane Ibitwubahire.

Kumenyekanisha