’’Tugeze ku yindi ntambwe yo guteza imbere igihugu’’-Evariste NDAYISHIMIYE

5 27-04-2018 - saa 08:55, MUGISHA Van

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko mu Burundi ata ndyane za poritike zihari, ariko hari impari za poritike gusa. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko impari za poritike nazo ari izisanzwe, mu gihugu kiri mu ntwaro rusangi.

Mu gihe kur’uno wa kane igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2018, umugambwe CNDD-FDD wahimbaza imyaka itatu iheze ushize imbere umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kugira yitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yavuze ko abarundi bokwumva impari za poritike, kuko umwe wese afise ivyiyumviro vyiwe vya poritike.

Ku bijanye n’amasezerano ya Arusha, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yavuze ko ico yari yaje gukora mu buzima bw’igihugu yamaze kugishikako, kuko yaje kubuza ko haba ubutegetsi budaciye mu matora, ivyo navyo bikaba vyagaragaye mu mwaka wa 2015, aho abashatse gutembagaza ubutegetsi vyabananiye kuko inzego zavuye mu masezerano ya Arusha zakoze neza.

Evariste NDAYISHIMIYE aramutswa umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu,asigura ko Uburundi butakiri aho bwari, kuko bugeze ku yindi ntambwe, haba mu bijanye n’ukumenya ico buri n’ico bushoboye.

JPEG - 59.4 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Ati : « Ntitukiri ku ntambwe abantu benshi biyumvira ko turiko. Tugeze ku yindi ntambwe yo guteza imbere igihugu. »

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, agahamagarira abarundi kutagir agatimatare.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Ferdinand 2018-05-03 07:38:39

Bimejegt ?

2
Manirakiza Eric 2018-04-28 08:13:18

Ahubwo nizo mpari iyo zivanwaho kuko nizo zishabora kuzana nindyane,kuko turumva kenshi abataba banyurwishijwe murizo mpari iyo zaramutse ziba nko mubasangiye umugambwe canke mumigambwe itavuga rumwe ko aribo kenshi usanga bavuyemwo abatera ubujagari butandukanye mugihugu cacu nko muvyo duhitiye turabona vyanatumye haba abarundi benshi basubiye kukigwa inyuma kugeza nubu.Ariko simvugiyi uko kubuza impari ko zoba miri poritike ahubwo kurabako ziba mukuri nimukomere kwibanga mudusesekarize amahoro mugihugu Imana Ibafashe.

3
Bebeta 2018-04-28 01:02:20

Bwana Evaliste afise ubwenge cane. Nkunda uko asobanura ibintu Imana umuhezagire !

4
Niyokwizera Renovat 2018-04-28 00:55:19

Andika hano nimubandanye ibikorwa twebwe abarundi tugomba amahoro hama imana ibaje imbere mubikorwa vyanyu.

5
Jojo 2018-04-27 22:58:42

Ivyo nukuri igihe co gushihana carahez ubu nykwijukira iteramber gusa ibidusamaza tubigir umuziro

Kumenyekanisha