Sudani: Umukuru w’igihugu yahinduye abagize reta bose

0 10-09-2018 - saa 15:09, vianney

Umukuru w’igihugu ca Sudani Omar Al-BASHIR yahinduye Reta yiwe aho yirukanye abagize reta yiwe bashika 31 harimwo n’umushikirnganji wiwe wa mbere mu ntumbero yo kurondera abamufasha guhangana n’ikibazo c’ubutunzi.

Amakuru atangwa avuga ko ingingo y’umukuru w’ico gihugu ca Sudani yo kwirukana abagize reta yose yemejwe n’abakuru bo ku rwego rwo hejuru bo mu mugambwe uri k’ubutegetsi aho muri Sudani NCP (National Congress Party).

Ayo makuru avuga ko Omar Al BASHIR yafashe iyo ngingo kugira arondere abantu bashasha bamufasha guhangana n’ikibazo c’ubutunzi gihanze ico gihugu aho bishikirizwa ko amafaranga yataye agaciro gushika ku bice 65 kw’ijana.

Umwe mu bantu begereye Bashir yashikirije ko ibibazo vy’ubutunzi bikwiye kurondererwa umuti kandi biri muvyatumye umukuru w’igihugu agabanya igitigiri c’abagize reta bakava kuri 31 gushika kuri 21.

Moutaz Mousa Abdallah niwe yagizwe umushikiranganji wa mbere mugihe uwitwa Bakri Hassan Saleh aguma mu kibanza ciwe co kuba icegera c’umukuru w’igihugu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha