Smart Burundi yatanze akarusho gashasha k’ uguhamagarana

0 24-03-2017 - saa 17:55, Jean de Dieu M.

Ishirahamwe Smart Burundi ry’ugutumatumanako ryaronkeje abanywanyi baryo akarusho ko guhamagara ku biciro bizimbutse.

Umunywanyi wa Smart Burundi ashobora guhamagara ku mafaranga 99 ku munota ahamagara ku muhora wa SMART mu gihe yahora arihishwa amafaranga 125 ku munota.

Kugira bishoboke, umunywanyi asabwa gushiramwo ama inite guhera ku 500 hamwe n’ayarenga, mu nyuma agafyonda kuri *888*10# kugira avyemeze.

Mwomenya ariko ko uwutagize iyo Code ya *888*10# aca ahamagara ku mafaranga 125 ku munota, nk’uko bisanzwe.

Ako karusho ka Smart Burundi kakaba kazoherana n’igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2017.

Smart Burundi iratanga kandi facebook na WhatsApp ku mafaranga 199 ku munsi, amafaranga 999 ku ndwi, hamwe no ku mafaranga 3499 ku kwezi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha