Singapoul : Donald Trump na Kim Jong Un bumvikanye ku bintu bine bikuru

0 12-06-2018 - saa 16:29, MUGISHA Van

Inyuma y’umubonano hagati y’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, n’uwa Koreya yo mu Buraruko, Kim Jong Un, bashitse ku bintu bine bikuru.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Amerika na Koreya ya Ruguru bazotangura imigenderanire mishasha nk’uko ’abanyagihugu b’ivyo bihugu bibiri bipfuza amahoro.

Abo bakuru b’ibihugu bibiri, bumvikanye ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya ya Ruguru bizofashanya kwubaka no gukwiragiza amahoro arama muri Koreya ya Ruguru.

Biyemeje kandi gushira mu ngiro amasezerano ya Panmunjom yo mu kwezi kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2018, aho haba inama y’abakuru b’ibihugu vya Koreyaa ya ruguru n’iy’Epfo, ko Korea ya ruguru izofata ingingo yo gutuza burundu ibigwanisho ruhonyanganda ku butaka bwa Koreya ya ruguru.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya ya ruguru bumvikanye guhanahana abafatiwe mu ntambara n’ababuriwe irengero, hamwe n’ibiziga vyabo, hamwe kandi no guhanahana abapfungwa hamwe n’ibiziga vy’abamenyekanye.

Uwo mubonano wabereye I Singapoul mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Ruheshi 2018, ubaye uwa mbere uhuje umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika akiri mu mabnga n’uwa Koreya ya Ruguru.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha