Sentare Nkuru ya Mukaza yaciriye umuyobozi w’ishure ry’imyuga rya Buterere gufungwa imyaka 5

4 14-08-2018 - saa 21:49, vianney

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere,Benjamin MANIRAMBONA yafashwe ariko akorera ikibazo ca Reta «Examen d’Etat» yigize umunyeshure,yaciriwe gufungwa umunyororo w’imyaka 5 hamwe no kumara imyaka 10 adakora akazi ka Reta.

Mururwo rubanza,Benjamin MANIRAMBONA yaciriwe gutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 200 vy’amafaranga y’amarundi.

Uwujejwe ivyigwa hamwe n’umwanditsi w’iryo shure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere bafashwe igihe umuyobozi w’iryo shure yafatanwa itonga nabo basabiwe n’umucamanza gufungwa imyaka 6.

Benjamin MANIRAMBONA yafashwe ku musi wa kane w’indwi iheze igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018 yambaye umwambaro w’umunyeshure w’ishure arongoye ariko akora ikibazo ca Reta ku kigo c’ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
niyimbona desire 2018-10-14 04:53:04

nyakubahwa umukuru wigihugu nagume kwivora iman yamushikirij kuk nta numw yaribwakore nki vyo nyenicubahiro petero nkurunziz yadukorey ndamukeje niyirambir

2
SINDAYIGAYA 2018-08-22 22:12:33

NTA kundi nukwihanga ariko bamuciriyeinyaka myishi akwiri kubabarirwa bakamugabaniriza ibihano .?

3
BOSCO 2018-08-16 04:27:37

WEWE IVYO UVUGA UBIKURAHE?

4
Busurahende 2018-08-14 23:22:33

Urwo rubanza rwaciwe gute? Uwafashwe akora ikibazo yaciriwe imyaka mike, abariko barorera hanze bacibwa imyaka myinshi. Sinari nababwiye ko yari yibereye muri mission? Rindire gato murabe ko mu ndwi nke cane atazoba yarekuwe nk’umwe yariko yigisha ingene bata abantu muri Tanganyika.

Kumenyekanisha