Sat-b na Ashley boba bakundana

0 16-08-2017 - saa 15:57, IGIHE

Ashley amaze iminsi yandika kuri facebook yiwe utujambo twoba twerekana ko hoba hari imigenderanire y’urukundo hagati yiwe na Sat-b. Eka si Ashley gusa, na Sat-b yanditse ayandi majambo nayo nyene yerekana imigenderanire y’urukundo na Ashley. Ashley asa n’uwubihakana.

Haheze amasaha makeyi Sat-b acishije kuri Facebook amajambo yerekana ko yoba akunda Ashley. Munsi yayo majambo, Ashley ntiyatanzwe kwishura Sat-b amubwira ko abashaka kubatandukanye ari abatazi iyo bahereye, badashobora no kumenya iyo baja (We na Sat-b).

Sat-b yanditse ati : "Mwana nkunda ndazi ko ubizi ko badashaka kutubona turi kumwe !!?? Tuza Mwana Mwiza bo n’ubu ntibaravyumva nanje nta bwoba Much love nyinshi saaaanaaa". Munsi yayo majambo, Ashley nawe yanditse ati : " You are my king and nothing can change that...watasema usiku watalala....ila kwako sibanduki hawajuwi tulipo toka, wata jua aje tunapo kwenda?"

Tugerageje kubishira mu Kirundi, Ashley yandites ati : " Uri umwami wanje kandi ntagishobora kubihindura... bazovuga baruhe...sindota tuvana. Ntibazi iyo twavuye, gute bazomenya iyo tuja?"

Tumaze kubona ayo majambo igihe kitari gito, twarabajije Ashley ko yoba ari mu rukundo na Sat-b, yatwishuye ati : " Nta kinini kihari".

Sat-b ntitwamutoye kuri ngendanywa yiwe ngo agire ico abivuzeko.

Tubibutse ko Sat-b asanzwe afise umugore bavyaranye umwana yise Burundi Leila ariko boba batakiri kumwe. Tubibutse kandi ko Ashley iyo ari muri Kenya yigeze gutangaza ko yibugenze ariko akaba atawuzi aho iyo mbanyi yahereye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha