Sat-B: Ndafise indoto yo kubona umuririmvyi yubashwe

3 28-12-2017 - saa 12:37, Jean De Dieu

Mu ndirimbo yiwe yise « indoto », Sat-B aramenyeshako afise indoto yukubona abaririmvyi nabahinyanyuzi b’umuziki bateye imbere ndetse bagashobora no kubeshwaho n’umwuga basanzwe bakora.

« indoto » ni indirimbo nshasha umuririmvyi Sat-B aherutse gusohora amenyesha ko afise indoto zukubona umuziki w’uburundi utera imbere.

« Ndafise indoto yo kubona umuririmvyi yubashwe, ndafise indoto yukubona abahinyanyuzi b’umuziki bateye imbere, abakunzi nabo bumuziki bakanezerererwa ivyamwa biva mu bikorwa vyacu. »

Mu kiganiro uwo muririmvyi yagiranye nikinyamakuru IGIHE,birumvikana kafise inyota yukubona ibibuga vyuzura abakunzi bumuziki,bagasidukana niyonka baza kuraba ibiteramo vy’abarundi kurusha aho baza kurorera abanyamahanga.

Mururwo ruririmbo rwiwe yise indoto,arangiza avuga kafise indoto nyinshi atoshobora kuvuga ngaheze.

Tubibutse ko uwo muririmvyi Sat-B ariko ategure igiteramo c’agakura kizobera kuri Lacost Beach kw’igenekerezo rya 7 Nzero 2018. Kwinjira namafaranga 3000 gusa, n’10000 mu kibanza c’iteka (VIP)

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Niyonkuru almonde 2018-09-04 07:58:52

ndj ndagukund non wonyiz umuzik nanj

2
Bkgirimana innocent 2018-06-25 08:23:49

iciyumiro canje nuko nashaka sat-b azoze muntara yacu natwe mucibitok carugombo hamanatwe aturirimbire ikindi nukonanje shaka kuba umuhanzi akomeye mumuziki windundi kugira nanje ntere imbere nteze imbere numuryango wanje nigihugucanje imbere

3
bobo bosco niyungeko 2018-05-06 23:44:23

nivyizako yogabirwa imodoka ahabwo naje yaba ari ibikunda naca ndamuha

Kumenyekanisha