Samsung Galaxy S8+ ikunzwe n’abakoresha telefone ngendanwa kurusha izindi

0 15-06-2017 - saa 11:59, IGIHE

Inyuma y’ubushakashatsi bwakozwe ku bantu bakoresha telefone ngendanwa zigezweho, ibiharuro vyerekanye ko telefone ngendanwa ikunzwe cane kandi na benshi ari telefone yo mu bwoko bwa Samsung Galaxy S8+ naho imaze igihe gito iri kw’isoko.

Abakozweko ubushakashatsi bavuga ko telefone Galaxy S8+ ifotora neza,ibika umuriro umwanya munini,kandi ikaba ifise n’ishusho nziza igihe uyiravye.

Ubwo bushakashatsi bwerekanye kandi ko Iphone 7 plus iza mu kibanza ca gatanu ku rutonde rw’amatelefone akunzwe cane, iyo nayo ikaba yakozwe n’ihinguriro Apple rwama ruhiganwa na Samsung.

Kuba Samsung yashize ahabona telefone zo mu bwoko bwa Galaxy S8, bishobora kugarukana icizere mu bakoresha telefone ngendanwa za samsung,inyuma yaho telefone Note 7 ibahombeye bitumwe nuko yaturikana bamwe mu bazigura.

Telefone zikunzwe zikurikirana uku :

1.Samsung Galaxy S8+
2.Samsung Galaxy S8
3.Samsung Galaxy S7 Edge
4.LG G6
5. iPhone 7 Plus

Kw’isoko Telefone Samsung Galaxy S8+ igurwa amadolare 840 mu gihe telefone Galaxy S8 igurwa amadolare 720.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha