Sahwanya FRODEBU ivuga ko yakiriye neza ijambo ry’umukuru w’igihugu

15 8-06-2018 - saa 13:20, vianney

Umugambwe Sahwanya FRODEBU umenyesha ko wakiriye neza ijambo umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yashikirije inyuma yaho yarahejeje gutera umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha. Muri Sahwanya FRODEBU bavuga ko ari intambwe ituma ibibazo bimwe bimwe bitorerwa umuti.

Icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU, Leonce NGENDAKUMANA, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru “ IGIHE ” yavuze ko ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu bigiye mu ngiro vyomuha icubahiro nka ba Nelson Mandela,icubahiro k’umugambwe wiwe hamwe n’icubahiro ku gihugu.

Naho kubijanye nicatumye umukuru w’igihugu ashikiriza iryo jambo muri kino gihe,Leonce NGENDAKUMANA yavuze ati: “ Kugira ashikirize ijambo nk’iryo aba yabajije umutima,aba yihweje ibiri mu gihugu aba yahanuje kandi abahanuzi biwe.”

JPEG - 56 kb
Leonce NGENDAKUMANA,Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU

Leonce NGENDAKUMANA avuga ko ijambo rigize ico rihindura mu gihugu ibintu bikamera neza ata nkeka ibihugu vyinshi vyokwipfuza kugiranira imigenderanire n’Uburundi.

Ico cegera c’umukuru w’umugambweSahwanya FRODEBU avuga ko ico bagiye gukora ari ukubandanya ibiganiro n’abamufashije, kugira ashikirize rirya jambo mu ntumbero yo gufasha ko vyoja mu ngiro ntibisubire inyuma.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
bikorimana assan 2018-06-16 14:41:47

Ntimukibagire y,uko, abo, aribipinga.
Mugabontaco, imana, irababona.

2
Ernest 2018-06-16 14:34:11

Turashima Twes kw’ijambo umukuru w’igihugu cac yavuz

3
ruberintwari anaclet 2018-06-14 12:20:12

Imvugo irafobetse, ntiyigeze avuga ko atazitoza. Nariahikeko aryemange ko wewe, atazitwaza abenegihugu, ngo nibo babimusavye, uzi ko bama babeshewe.

4
NDAYISHIMIYE NICOLAS 2018-06-12 21:58:11

Andika hano ICIYUMVIRO CANJE NDIRUDUTWARA NEZA NA PETERO NKURUNZIZA NDACAMWEMERA NTAKIBANKORERA% KIRETSA BAMUTWARIRA NABI,B.N

5
Mama 2018-06-10 05:38:27

@Jemes, yarabisobanuye kukoyaranavuzeko yiteguye kuzokwubaha nogushigikira uwuzobayatowe nabenegihugu.
Hanyuma Leonce ndabina atanguye kubuvuga nkumugabo nkigihe ca Ndadaye, ariko icowomenya imfashanyo ibihugu bimwevyimye uburundi sikuberara nyakwubahwa umukuru wigihugu Nkurunziza ngoyoba yarakoze ibibi, kuko iyaba arugufatira ibihano abakora amabi Kagame niwebaba barabifatiye, mbegahoho wobuzi icatumye Ndadaye yicwa ariko abobafatiye ibihano uburundi ubu ntibabenunomusi barabikazemwo?

6
Mama 2018-06-10 05:36:09

@Jemes, yarabisobanuye kukoyaranavuzeko yiteguye kuzokwubaha nogushigikira uwuzobayatowe nabenegihugu.
Hanyuma Leonce ndabina atanguye kubuvuga nkumugabo nkigihe ca Ndadaye, ariko icowomenya imfashanyo ibihugu bimwevyimye uburundi sikuberara nyakwubahwa umukuru wigihugu Nkurunziza ngoyoba yarakoze ibibi, kuko iyaba arugufatira ibihano abakora amabi Kagame niwebaba barabifatiye, mbegahoho wobuzi icatumye Ndadaye yicwa ariko abobafatiye ibihano uburundi ubu ntibabenunomusi barabikazemwo?

7
Sylvestre 2018-06-09 21:18:43

Vyukuri Nyakubahwa Presida Yavuze Neza Cane Kutazosubira Kwitoza Gusarishe Benshi Utigute ? Nanje Nti Abahora Basegesha Ngo Ibwirizwa Ririko Rirahindugwa Ngwasubire Kwitoza,ubunaho Baca Basegeshiki ? Ntibabonako Ibisaka Bihiye ? Bakwiye Gutaha Hakirikare Nayahandiho Barabahinyuye Nibaze Twubake Igihugu Catwibarutse Nayo Akimuhana Kazinvurihise Nayo Kwitenga C N d D F D D Ntiharagera Mpaka Mumyaka 80 Ans Ok

8
Rukundo Schadrack 2018-06-09 17:32:51

Natwe Tuvyakiriye Neza Kandi Akoze Vyiza Thx!

9
zebras 2018-06-09 16:20:17

kubera nyenicubahiro yamy yanka akaguma nakarenganyo abo bamwanka nabakora ivyo abarundi badakunda.erga yarasomy yiz mwishur no mwishamba.harakwiy gutegugwa umusi wokwibuka ivyiza yakorey isi nacane cane uburundi nabarundi

10
James coburn 2018-06-09 09:48:56

Pierre Nkurunziza yavuze ko ikiringo ciwe kizokurikira ibwirizwa shingiro ryakera ahejeje gukura. N’ukuvuga yuko kizohera muri 2020. Ntakindi yavuze.
Natomorore icese ko atazokwitoza muri 2020 area gufubika amajambo.
Reka abe arabazirika mwa bigwarudubi mwe.
Azokwitoza muri 2020 ntakibuza. Muzoraba!!!!!? Ahandi hoho abantu yatikije kuntwaro yiwe yobariha iki?

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha