Ruyigi : Impunzi 702 zakiriwe zahungutse ziva mu gihugu ca Tanzaniya

3 12-06-2018 - saa 14:32, IGIHE

Abarundi 702 bari bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya nibo bakiriwe ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya, muri komine Gisuru, intara ya Ruyigi. Abo barundi bose bahungutse, bava mu ntara ya Cankuzo.

Abo barundi bose bahungutse bavuye mw’ikambi y’impunzi ya Mutenderi mu gihugu ca Tanzaniya, bagizwe n’imiryango 219, irimwo abagabo 340 n’abagore 362.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bwamenyesheje ko impunzi ibihumbi 72 arizo zitezwe guhunguka zivuye mu makambi y’impunzi ari mu gihugu ca Tanzaniya, kuva kw’ igenekerezo rya 5 Ndamukiza umwaka wa 2018 gushika igenekerezo rya 31 Kigarama 2018.

Gushika ubu ishirahamwe HCR na Reta y’Uburundi barafashanya mu gikorwa co gutahukana izo mpunzi, zikaba zishikira mu bibanza bine vyatunganijwe mu gihugu, kugira zakirirwemwo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NDIHOKUBWAYO ERINEST 2018-06-13 20:37:15

TURAHOJEJE UMURYANGOWIW NABARUNDIBOS

2
nitwa diomedi kamarade 2018-06-12 20:44:59

turashimye cane kubona benewacu bariko baratahuka mugihugu cabo turabahaye kaze

3
NTEZUKOBAGIRA JUSTIN 2018-06-12 20:08:22

Nibaze barakaza nakare twari tubakumbuye cane .
Imana yarakoze kubatuzigamira ; iragahzagirwa.
Tubipfurije kugira aho baba kandi bubahwe.

Kumenyekanisha