
Abantu bangana 985 nibo bakiriwe muri komine Gisuru intara ya Ruyigi bahungutse Bavuye mu gihugu ca Tanzaniya mu nkambi y’impunzi ya Nduta hamwe n’inkambi ya Mtendeli.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bahungutse bagizwe n’imiryango 291 igizwe n’abagabo 472 hamwe n’abagore 513.
Ayo makuru abandanya avuga ko abo bantu uko ari 985 bose bava mu ntara mu Cankuzo.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!