
Abantu bangana 1020 nibo bakiriwe kuruno wa kabiri igenekerezo rya 25 Nyakanga umwaka wa 2018 muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi bavuye mu nkambi y’impunzi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya.
Amakuru ava mu bushikiranganji bw’umutekano no kugwanya Ibiza avuga ko abo bahungutse bagizwe n’imiryango 276 muriyo hakaba harimwo abagabo 498 hamwe n’abagore 522.
Ayo makuru avuga ko abo bantu bose bahungutse arabo mu ntara ya Ruyigi.
Nagirango mbasabe kids mwoza nundonsa inkuru zigezweho ku munsi ku munsi zaha I Burundi.