
Ingwara ya Korera yateye muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, abantu bagera kuri batanu akaba aribo bari ku musego kw’ivuriro ryo mu Rugombo haraheze hafi iminsi cumi, nk’uko bivugwa n’abajejwe intwaro. Abo bafashwe n’iyo ngwara ni abo ku misozi ya Rusiga na Murambi.
Abanyagihugu bo kuri iyo misozi abafashwe bavukako bamenyesha ko iyo ngwara ishobora kuba yatewe n’ubukene bafise bw’amazi meza, kuko bakoresha ayo mu myonga.
Abo mu yandi makomine y’iyo ntara nabo bakaba batekewe n’ubwoba bw’uko iyo ngwara ishobora gutandukira n’ahandi, kuko ubwo bukene bw’amazi meza ari ikibazo cibonekeza ku misozi itari mike y’iyo ntara ya Cibitoke.
Abajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara basaba abanyagihugu kwubahiriza amabwirizwa y’isuku, hakaba hategekanijwe igikorwa c’ugupompa imiti mu ngo zimaze kuvamwa abarwayi.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!