Abashikiranganji bemeje ko hoshirwaho amafaranga y’ugukoresha iyo ndege (Entretien) kugira igume imeze neza.

Firipo NZOBONARIBA amenyesha ko Reta y’Uburundi yaronse iyo ndege yashitse i Bujumbura kuwa 14 Kigarama 2016. Kuva ico gihe iyo ndege yagumye aho i Bujumbura idakoreshwa, bigasabwa ko ikorerwa (Entretien) nk’uko bisanzwe no ku zindi ndege kandi bigatwara uburyo butari buke, nk’uko vyemezwa n’inama nshikiranganji y’Uburundi.

JPEG - 28.8 ko
Iyo ndege yashitse i Bujumbura kuwa 14 Kigarama 2016

Reta y’Uburundi imenyesha ko ivyo bikorwa bitegererezwa kubera hanze y’Uburundi kubera mu Burundi ata bahunga n’ubuhinga bikwiye bihari.

Firipo NZOBONARIBA umuvugizi wa Reta y’Uburundi ashikiriza ati : “Kubera y’uko uko indege iguma ihagaze hari ivyuma bibwirizwa guhindurwa, uko igihe kinaka kigeze. Mu gihe hoba hari amasezerano y’ukuyikoresha, iyo ndege izoguma iri hafi kugira ngo mu gihe cose bizoba bikenewe, Reta y’Uburundi izogume iyikorako”

Inama y’abashikiranganji yemeje ko Reta y’Uburundi yotegekanya amafaranga y’ugukoresha iyo ndege hamwe n’ukuyikingira ingaruka mbi zituruka ku kuguma ihagaze itaguruka.



ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

Izina

Email


IVYIYUMVIRO

@Ndori!ntaco ubwo wewe ufise ivyiyumviro biraba kure wodusigurira ico iyo ndege imariye abanyagihugu badafise n’ivyokurya nta mutekano mu gihugu

2017-11-16 08:50:50

Denise

Mwese ndavye ivyo mwandika muracari inyuma goooose. Amaso n’ivyiyumviro vyanyu ntibirenga aho muhagarara.

2017-11-15 07:53:07

NDORI

U Burundi igihugu canyuma mu bukene kw’Isi,bagahera mu kugura Indege itwara Peter nayo ya pirate, Abanyagihugu ntibafise umutekano,nta mazi nta muyagankuba,nta suku,vyose ni potopoto,DD ivyayo vyose biba bicuritse,naragenze ndabona

2017-11-14 09:07:12

Denise

Hhahahah hewe DD,mu minsi iza twiteze ko iyo Ndege izokora ligne Ngozi-Bujumbura none ko Peter yifungiraniye mu gihugu

2017-11-14 08:34:12

Hafsa

je ndibaza ko hatari hagere kugura indege atakamaro ifitiye igihugu

2017-11-13 15:01:03

rumariza

IZINDI NKURU

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha
2015 ©. All rights reserved