
Ishirahamwe REGIDESO rimenyeshako k’umusi wa gatandatu igenekerezo rya 10 Munyonyo umwaka wa 2018 itangwa ry’amazi ritazogenda neza mu ma karitiye yo mu makomine ya Mukaza na Ntahangwa kubera ibikorwa vyo gusanura umuringoti.
Mw’itangazo umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO yasohoye kw’igenekerezo rya 8 Munyonyo 2018 ,Simeon HABONIMANA avuga ko umuringoti urungika amazi kuri BRARUDI hamwe n’amakartiye ahegereye hamwe no ku kibuga c’indege ca Bujumbura uzoba uriko urasanurwa bikazotuma itangwa ry’amazi murivyo bice rigenda nabi.
Simeon HABONIMANA asaba abantu baba murivyo bice kwiyungunganya mukuziganya amazi hamwe no kuyakoresha neza murico gihe c’ibikorwa.
murakoze kuduteguza, ariko iyo muvuze itangazo kanaka be murishira en annexe kugira turisome