RDC: Jean Pierre BEMBA yankiwe kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

0 4-09-2018 - saa 21:24, vianney

Sentare Nkuru yo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yankiye uwutavugarmwe na Reta Jean Pierre BEMBA kwiyamamariza hamwe no kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa Kigarama mu mpera z’uyu mwaka wa 2018.

Amakuru dukesha iradiyo BBC avuga ko iyo ngingo yafashwe na sentare ije ishimangira icemezo cafashwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora murico gihugu wo kwankira Jean Pierre BEMBA kwitoza mu kibanza c’umukuru w’ighugu ,uyo murwi washikirije ko adakwije ivyangombwa.

Ayo makuru avuga ko bimwe muvyatumye yankirwa kuja murayo matora aruko sentare mpuzamakungu mpanavyaha yamwagirije icaha co guha igiturire ivyabona mu rubanza rwiwe.

Jean Pierre BEMBA yahoze ari umukuru w’abagwanyi mu nyuma aba umwe muvyegera vy’umukuru w’igihugu muri Kongo aheruka kwezwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha inyuma y’imyaka 10 afunzwe.

Jean Pierre BEMBA yari mu bantu bahabwa amahirwe yo kuzotsinda amatora yimirije,yari yagarutse mu gihugu ciwe mu kwezi kwa Myandagaro guheze aho yakiranywe igishika n’isinzi ry’abantu bamushigikiye.
.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha