
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bumenyeshako igitigiri c’abantu bamaze guhitanwa n’ingwara ya Ebola mu buseruko bw’ico gihugu bangana 75.
Amakuru dukesha iradiyo BBC avuga ko ubwo bushikiranganji bw’amagara y’abantu murico gihugu bwavuze ko abantu bangana 111 aribo bamaze kwandura iyo ngwara murivyo bice vy’ubuseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Ayo makuru avuga ko murabo 111 ,abantu 47 bahitanywe n’iyo ngwara ,83 nabo bemejwe ko bayirwaye mu gihe abandi 28 bibajije ko nabo boba barahitanywe n’iyo ngwara ya Ebola.
Bivugwako abenshi murabo banduye iyo ngwara bayanduye imbere yuko abajejwe intwaro murico gihugu bamenyeshako Ebola yongeye kwaduka mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro uyu mwaka wa 2018.
Bobi Wine Bomureka Akagenda Akivuza Kubera Yarasinzikajwe Cane Kumvo Za Reta