RDC: Abakozi 2 bavura ingwara ya Ebola bakomeretse batewe n’abanyagihugu

2 4-10-2018 - saa 14:56, vianney

Abakozi 2 barangura igikorwa co kuvura ingwara ya Ebola mu karere ka Butembo mu gihugu ca Repuburika Iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, bakomeretse bimwe bikomeye inyuma yaho abanyagihugu babagavyeko igitero bagiye gushingura abahitanywe na Ebola.

Amakuru dukesha BBC avuga ko abakozi 4 b’ishirahamwe ritabara imbabare (Croix-Rouge) nibo bagabweko igitero mu gihe bari bagiye gushingura abahitanywe n’ingwara ya Ebola bari muribo baca barakomereka bimwe bikomeye.

Bivugwako abanyagihugu bakoresheje amabuye mu gutera imodoka yaritwaye abagiye gushingurwa.

Umuntu yapfuye ahitanywe na Ebola bivugwako yanduza iyo ngwara ari naco gituma uwo ihitanye ashingurwa ku buryo buhanitse mu ntumbero yo kurinda kw’iyo ngwara ibandanya ikwiragira mu bantu.

Abantu barenga 100 nibo bamaze guhitanwa na Ebola kuva itanguye kwibonekeza mu buseruko bw’igihugu ca Repuburika Iharanira intwaro rusangi ya Kongo mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
riyazimana ,josopf 2018-10-14 06:49:41

ndabaramukijebagenzi banje? mukoMere guta ivyiyumviro

2
Calixte Nkurunziza 2018-10-11 05:04:59

Ebola Mugihe Yafashe Umuntu, Arashobora Kuvugwa Agakira?

Kumenyekanisha