Philippe NZOBONARIBA: “Uwutowe mu murwi CENI aca yambara umutamana wa CENI.”

0 29-09-2018 - saa 17:04, vianney

Umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI Philippe NZOBONARIBA amenyeshako umuntu amaze kugenwa muruyo murwi w’igihugu aca yambara umutamana wuyo murwi kuko ari amabanga ahambaye adashobora kubibangikanya n’ibindi.

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Nyakanga 2018,Philippe NZOBONARIBA yavuze ko uwambaye umutamana w’umurwi utegura amatora ata mugambwe aba akigendera canke ubwoko avamwo eka nta kintu na kimwe aba akigendera kiretse umutamana w’uyo murwi ujejwe amatora gusa.

Philippe NZOBONARIBA avuga ko mu gufata ingingo hisungwa amategeko ngenderwako y’umurwi CENI kandi uyo murwi ari urunani rw’abantu 7 atari uwa bantu 2 canke 3.

Philippe NZOBONARIBA avuga ko bazoshikiriza ivyo umurwi CENI uzoba wabashikirije kandi abantu bakwiye kwizera ko uyo murwi utazoba intambanyi mu matora.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha