"Pay for me" : Hamagara urihirwe n’uwo uhamagaye

0 6-09-2017 - saa 11:08, Egide NDUWIMANA

Muripfuza guhamagara abagenzi banyu ariko bikabananira? Akazi kariko karabapfana kubera mudashobora kubimenyesha abakoresha, ku mpavu yo kutagira ama inite akwiye muri ngendanwa yanyu ? Ivyo bibazo vyose vyatorewe inyishu ku banwanyi ba Lumitel, babifashijwemwo n’igisata gishasha ca "Pay for me".

Ishirahamwe Lumitel ribandanya ryorohereza abanwanyi baryo, aho ubu bashizeho igisata gishasha ca "Pay for me".

Uguhamagara kwanyu kubandanya kworoha kuruta uko vyahora kubera ubu mugiye gushobora guhamagara incuti n’abagenzi, naho muri ngendanwa yanyu ata ama inite mwoba mufise.

Mubifashijwe n’igisata "Pay for me" ca Lumitel, hamagara ataco mwinona kubera uwo muhamagaye ariwe abarihira amafaranga.

Mu gukoresha ico gisata, umunwanyi wa Lumitel asabwe gutanguza ibiharuro 812, imbere y’inomero y’uwo yipfuza guhamagara.

Akarorero: 81269696969, mugaca muhamagara.

Uwo bahamagaye nawe afise uburenganzira bwo kwemeza kwakira ihamagara kuko aca yemera no kuriha amafaranga y’uwumuhamagaye.

Ishirahamwe Lumitel ntaco ridakora kugira ribandanye kunezereza hamwe n’ukwiyegereza abanywanyi baryo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha