Pascal BARANDAGAIYE yamenyesheje amashirahamwe akorera mu Burundi ivyo ategerezwa kwisunga

4 3-10-2018 - saa 08:23, vianney

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yatunganije inama n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi mu ntumbero yo kuyamenyesha ivyo bategerezwa kwisunga mu bikorwa vyabo.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko ivyo ayo mashirahamwe asabwa n’ibijanye n’urupapuro rubemerera gukorera mu gihugu, gukora bisunze imigambi reta yasize imbere,kwerekana urukaratasi rwerekana ingene amafaranga ashingurwa n’ingene akoreshwa rutangirwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta hamwe no kwerekana mu myaka itatu ko bazoba bahejeje gukuraho ubusumbasumbane bw’abakozi hisunzwe ubwoko n’ibitsina.

Uyo mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko ku mwaka ku mwaka bazoza barasuzuma ko ivyo ayo mashirahamwe yiyemeje abikwirikiza.

Pascal BARANDAGIYE yasavye ubushikiranganji busanzwe bukorana nayo mashirahamwe “Ministeres techniques” gufasha ayo mashirahamwe kugira ivyo bazoba bariko bararondera babironke bitagoranye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Nick 2018-10-07 23:29:50

Ese mutandukanya gute ubwoko? Amazuru se? Konzi abahutu bafite agororotse nabatutsi bafite amanini? Ese ko mperuka nyakubahwa perezida wa repubulika ari umukizwa yabwira abayoboye nkumu christu ko gutandukanya abantu kumoko biri

2
john 2018-10-07 17:00:37

Barundi namwe Barundikazi nta na rimwe muzagendera kumoko,igitsina,idini nirindi ringaniza ryose ngo muzagire aho mugera.Reka umuntu azajye bamuhitamwo bigendeye kubushobozi atari kubwoko.murakoze

3
kadangi Mabrouk 2018-10-04 15:56:36

Ama ONG nakorwemwo nubwoko bwose ataruko nibaje iwabo bagende bajanye datawanje abobantu binkundwakare gukorerayo akazi

4
MAMERT MPFAYOKURERA 2018-10-03 21:52:50

KUBA UWO MUSHIKIRANGA YABIGIZE UKWO NIYIRAMBIRE KUBUTWARE BWIW.

Kumenyekanisha