
Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM ritera akamo urwaruka kuja mu mashirahamwe kugira rushobore gufashwa muvyo rukenera kandi rwongere rwijukire ibikorwa bifatiye ku buntu kuko arivyo bizorufasha kugira rwiteze imbere.
Nkuko vyashikirijwe kuruno wa mbere n’umukuru w’ishirahamwe PARCEM ,Faustin NDIKUMANA mu gihe kuruyu w’Imana igenekerezo rya 12 Myandagaro 2018 hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko uyo musi mpuzamakungu uhariwe urwaruka kw’isi ushitse mu gihugu c’Uburundi hari umurindi w’irwirirana ry’abantu ari mwinshi kandi urwaruka rushika 75 kw’ijana ruri musi y’imyaka 35 ata kazi rufise.
Faustin NDIKUMANA avuga ko ibice 60 kw’ijana vy’urwaruka ruba mu bisagara ata kazi rufise naho abarenga ibice 55 kw’ijana baba hagati mu gihugu nabo nyene ata kazi bafise ivyo biteye impungenge kuko igisata c’uburimyi n’ubworozi bitagisahiriza ikintu kinini mu buzima kandi n’umurindi w’ubutunzi utiyongera uko abantu biyongera.
Uyo arongoye PARCEM asaba reta kumviriza urwaruka kugira ivyo rukeneye gufashwa rushobore kubironka na cane cane mu gukura inzitizi zihari nk’ibijanye n’ingene amatagisi atozwa n’ibindi.
Twe Turabikora "habura Inyigisho Zikwiye Mu Rwaruka"