PARCEM isaba inama yo ku rwego rwo hejuru yiga ikibazo c’amasanganya yabaye ndanse

0 9-10-2018 - saa 13:19, vianney

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM risaba ko haba inama yihuta yo ku rwego rwo hejuru mu gihugu kugira itorere umuti ikibazo c’amasanganya yibonekeza mu mihingo itandukanya y’igihugu murino misi.

Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe PARECM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 9 Gitugutu 2018,Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko ayo masanga aba kumugararo abajejwe umutekano bariho ibihano ntibifatwe kandi n’itegeko rigenga uruja n’uruza mu mabarabara ririho.

Faustin NDIKUMANA avuga ko kenshi ayo masanga aterwa n’umuvuduko urenze,imodoka zipakira zikarenza abantu canke ibidandazwa,abatwara baborewe hamwe n’abakoresha terefone ngendanwa bariko baragendesha imodoka vyose bikaba abajejwe kubihana bariho.

Uyo mukuru wa PARCEM asaba ko abantu bigishwa ibijanye n’amategeko agenga uruja n’uruza mu mabarabara uwuyarenzeko nawe uko ari kose afatirwe ingingo iboneka ikwirikijwe amategeko.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha