PARCEM isaba abanyeporitike gufasha gutorera umuti ikibazo c’ubukene kiri mu gihugu

5 17-10-2018 - saa 21:11, vianney

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM risaba abanyeporitike b’Uburundi gukora ibishoboka kugira bafashe gutorera umuti ikibazo c’ubukene kiri mu gihugu.

Ivyo yabishikirije n’umukuru w’ishirahamwe PARCEM ,Faustin NDIKUMANA mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 17 Gitugutu 2018 ku musi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ubukene kw’isi.

Murico kiganiro,Faustin NDIKUMANA yavuze ko uyo musi wahariwe kugwanya ubukene kw’isi ushitse igihugu c’Uburundi kiza ubwa nyuma ku bukene mu bihugu 188 vyakoreweko ivyigwa.

Faustin NDIKUMANA avuga ko ubukene mu gihugu bungana hafi 70 kw’ijana,inzara ishika k’urugero rwa 40 kw’ijana mu gihe abana bafungura nabi baharurwa ku bice 58 kw’ijana.

Uyo mukuru wa PARCEM avuga ko kandi ibindi vyerekana ubwo bukene mu gihugu aruko ata bintu bishorerwa hanze y’igihugu,ibura ry’amafaranga y’agaciro hamwe n’ibura ry’ibikoresho mu gisata c’indero.

Faustin NDIKUMANA asaba abanyeporitike kwama bashiraho imigambi ibushitse kugira bafashe igihugu kuva mu bukene.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Euphraim 2018-10-29 20:45:00

nukuri ubukene buraturembeje

2
BOBAR 2018-10-26 17:20:50

UWO MUSHINGANTAHE NTARIRA BUSEMA UBUKENE BURIBONEKEZA MU GIHUGU NKA AKARORERO IVYIWACU USANGA BIZIMBUTSE IVYU UMUZUNG BIKAZIMBA

3
nduwimana eric 2018-10-19 21:11:31

ni vyiz reta yorab ukunt yoh agacir ifarang ryuburund.

4
TURIKUMWENAYO Richard 2018-10-18 10:43:44

RETA YARIKWIYE KURABA ICO YOKORA ATARUKWO UBUSUMA BURACIYONGERA

5
nyabenda riberi 2018-10-17 21:42:18

inzara muburundi ntizigera ihera umuntu yikoreye utwiwe ngaronke icokurya bamwirukako nkuwishe umunu

Kumenyekanisha