OLUCOME risaba Reta kwemera ko ubutunzi bw’igihugu butifashe neza

6 13-06-2018 - saa 09:46, MUGISHA Van

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME, rimenyesha ko ribabazwa no kuba ubutunzi bw’Uburundi bubandanya gusubira hasi. Iryo shirahamwe risaba Reta kwama ritangaza uko ryakoresheje amafaranga uko amezi atatu aheze, kuko abanyagihugu batanga amakori n’amatagisi bafise uburenganzira bwo kubimenya no kubaza amafaranga Reta ifise.

Mw’itangazo ryashizweko umukono n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruheshi 2018, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko rimaze kwihweza integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018, ryasanze ari amafaranga bakoresha gusa atayarimwo yofasha guteza imbere igihugu, biciye mu gukoresha imitahe.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME, rimenyesha ko ubushikiranganji bwa Reta ata mafranga binjije mu gihugu biciye ku banyamitahe, bigashobora mbere no gutuma amashirahamwe ya Reta ahomba kubera ugukoresha nabi amafaranga.

JPEG - 151.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta guhagarika imvugo zemeza ko ubutunzi bw’igihugu bwifashe neza kandi atariko biri, rigasaba ko Reta yemera ko idafise uburyo bwo guteza imbere igihugu biciye mu banyamitahe, ikemera kandi ko ata bantu bafise ubumenyi ifise, kugira begeranye uburyo bwofasha mw’iterambere ry’igihugu.

Mu kurangiza, ishirahamwe OLUCOME risaba kandi Reta gutunganya igitabo cerekana uko Uburundi bwotera imbere, kugira ivyo gukora ata ntumbero iboneka yo guteza imbere igihugu bihagarare.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Twaje 2018-06-17 07:26:41

@CND, mumbarize kandiyishure vyihuta.

2
CND 2018-06-16 10:00:49

Hanyuma Leta itangaje ko ubutunzi bwifashe nabi haca hahinduka iki ? OLUCOME yoba yategekanije iki coca gituma ubutunzi buzamuka ?

3
Mama 2018-06-15 06:24:43

None uwomukuru wa OLUCOM yobashaka kuvugango reta yokwemera kwikenye maze ihe igihugu aba KORONI !?

4
Nibafasha Protais 2018-06-13 23:57:20

Nibabe Baja Baratangaza Amahera Basohoye Nicao Agiye Gukora Kuneza Yatwese Abarundi Kuko Itunga Ryareta Ni Iryatwese Abarundi

5
Jonhson 2018-06-13 19:34:40

Mutakufa na njaa juu yakujisimama eko, mukubali kama inchi iko pabaya halafu msaidiwe na majirani na mpunguze roho zenyu mbaya

6
Nkundigihugu 2018-06-13 12:55:27

None nimba butifashe neza OLUCOM niyo iriko irahemba abakozi ba leta ?

Kumenyekanisha