
Ikigo c’igihugu kijejwe gukingira agateka k’abahinga n’ibikorwa mvabwenge (OBDA : Office Burundais du Droit de l’Auteur et des Droits Voisins) gisaba abahinga, abaririmvyi n’abatunganya ibikorwa mvabwenge kwandikisha ibikorwa muri ico kigo kibijejwe kugira bikingirwe, ndetse babone kubironkerako inyungu, n’igihugu kihungukire.
Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama Jean Bosco HITIMANA yamenyesheje ko umuhinga yandikishije ibikorwa vyiwe ari itunga kuri we bwite hamwe no ku gihugu .
Jean Bosco HITIMANA yavuze ati : “ Umuhinga akingiye agateka kiwe n’ibikorwa vyiwe bituma aronka inyungu ivuye ku bakoresha ibikorwa mvabwenge vyiwe.”
Umushikiranganji Jean Bosco HITIMANA yamenyesheje kandi ko umuhinga mu gutunganya ibikorwa mvabwenge vyiwe akoresha umwanya munini, uburyo n’ubwenge bwiwe, ari naco gituma nk’uko biri ku bandi bakozi bose, abo bahinga nabo nyene bafise uburenganzira bwo kuronka inyungu ivuye ku bikorwa vyabo.
Umukuru wa OBDA, Nadia NDAYIZEYE yamenyesheje ko batanguje igikorwa co guhamagarira abaririmvyi, hamwe n’abatunganya ibikorwa mvabwenge kugira bandikishe kandi bamenyekanishe ibikorwa vyabo kugira bikingirwe, ndetse bashobore kuryohererwa n’ibikorwa vyabo mu kubironkamwo inyungu, kuko hari abahinga b’ibikorwa mvabwenge bataramenya ko ari abakozi nk’abandi.
Nadia NDAYIZEYE yateye akamo abaririmvyi kwandikisha ibikorwa vyabo kugira bikingirwe, abakoresha ibikorwa mvabwenge vy’abandi bantu nk’amaradiyo, imboneshakue hamwe n’amahoteri yabasavye kwegera ikigo OBDA kugira bagiranire amasezerano ajanye n’amategeko yo gukoresha ibikorwa mvabwenge vy’abaririmvyi n’abandi bahinga batandukanye.
Ikigo OBDA catanguye ibikorwa kw’igenekerezo rya 7 Nyakanga 2011. Uburundi nabwo akaba ari kimwe mu bihugu bigize umuryango mpuzamakungu witaho ibikorwa mvabwenge (OMPI : Organisation Mondiale de la Propriete Intellectuelle) kuva mu mwaka w’1977.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!