Nyanza-Lac:Uburongozi bwa EPBU busabwa kumenyesha ingendo mu bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu

4 5-01-2018 - saa 09:01, IGIHE

Ubushikirangani bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bumenyesha ko bwemeye umurwi washizweho ngo urongore ishengero rya Pentekoti ry’i Nyanza-Lac. Mw’ikete umushikiranganji yandikiye ishirahamwe ry’amashengero rya Pentekoti mu Burundi EPBU, abasaba gusubiza ibikoresho bifiswe na pasitori Jonas NIYUNGEKO yahora mu barongozi b’ishengero.

Mw’ikete umushikirangani w’intwaro yo hagati mu gihugu yandikiye ishirahamwe ry’amasengero ya Pentekoti mu Burundi EPBU, amenyesha ko umurwi washinzwe ngo urongore ishengero rya Nyanza-Lac ufise uburenganzira bwo gufata ingingo.

Muri iryo kete, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE , avuga ko iyo ngingo itegerezwa kuba yagiye mu ngiro kw’igenekerezo rya 15 Nzero 2018.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati asaba ishirahamwe EPBU, ko ingendo zose zo mw’ishengero zomenyeshwa, kugira ubishikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buzikurikirane.

Ubuyobozi bw’ishengero pantekote i Nyanza-Lac bukaba bwahawe Pasitori Jonathan KADEBUYE.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Manirakiza Eric 2018-03-31 17:03:25

Pasiteri Jonas Niyungeko yoba yavuye mumabanga yo kurongora Iryo Shengere mumahoro canke kubugombe bwiwe hama aca agenda nibikoresho vyishengero gushika yaho bimenywa nurwego nkurwo mugihugu,Mukavyinjiramwa ?Ndumva yosubiza ivyo bikoresho Ishengero mugihe yoba atakibazo kitameze neza afitaniye n’ishengero kihari naho aburanishwe atsinzwe avyakwe adatsinzwe atunganirizwe murakoze.

2
HAKIZIMANA 2018-01-11 23:57:36

MANA WE ! TABARA ISHENGERO RYAWE KUKO BIRAKOMEYE.

3
Simon boasi 2018-01-09 00:03:03

Imana niyo yonyene izibikwiye kandi tukabadushimiye Leta ukuntu yafashe ikikibazo ishengero rya pentekoste inyanzalac turabashimiye cane kuva hejuru gushika hasi mwarakoze cane

4
Senga 2018-01-05 15:52:17

None na pentecote nayo ariyo twari tugihanze amaso ko igifise ubumwe nabo baracanyemwo .
Ico mbona umuntu ni gukizwa kuruhande rwe ataravye ishenge je ishengero mbonye nyakuri ni wewe ni je we
Nitutakora ivyiza twamenye twumvise ntituze twitwaze amadini

Kumenyekanisha