Nyakabiga : Ikiziga c’umuporisi catowe ku nkengera z’uruzi Ntahangwa

0 11-06-2018 - saa 15:27, MUGISHA Van

Ikiziga c’umuporisi catowe ku nkengera z’uruzi Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Nyakabiga, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru dukesha ababa muri zone Nyakabiga, amanyesha ko ico kiziga cabonywe n’abarengana mu gatondo ko kur’uno wa mbere igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018, mu kibanza kiri ku nkengera z’uruzi Ntahangwa, mu ruhande rwa Zone Nyakabiga.

Ababa aho mu Nyakabiga bavuga ko uwo muporisi bari basanzwe bamuzi akorera muri komisariya y’igiporisi muri zone ya Buyenzi, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, ariko nabo batamenye icoba catumye yitaba Imana.

Ikiziga c’uwo muporisi kikaba caciye gitwarwa n’abajejwe umutekano giherekejwe na musitanteri wa komine Mukaza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha