Ngozi : Patiri Palémon Nkeshimana yashinguranywe iteka

2 11-01-2018 - saa 15:20, IGIHE

Patiri Palémon Nkeshimana yahora ari patiri wa Paruwase ya Gicumbi, muri Diyoseze ya Ngozi yashinguwe. Yari azwi kuba yarateguye yongera yandika zimwe mu ndirimbo zikoreshwa mu nkuka y’imisa muri Ekleziya Katorika.

Patiri Palémon Nkeshimana yitavye Imana, inyuma y’isanganya ry’imodoka ryabaye ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 6 Nzero 2018.

Patiri Palémon Nkeshimana yari azwi cane kuba ariwe yanditse indirimbo zikoreshwa muri Ekleziya katorika nka :’’Nje nishongora Mana yanje, nje kugukengurukira rwose ku vyiza wangiriye’’, n’indirimbo :’’ Nzokwama ninovora, nzokwama nikugura iyo mfungurwa yawe Yezu.’’ n’izindi.

Abegereye umuhisi Patiri Palémon Nkeshimana baremeza ko yari umupatiri wa Ekleziya katorika mu Burundi,agendera ibanga akaba kandi n’umwe mu ncabwenge.

Umuhuza w’abarundi Edourd NDUWIMANA nawe yari mu birori vyo gushingurana iteka Patiri Palémon Nkeshimana, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ati :’’Umuhuza w’abarundi Edourd NDUWIMANA nawe yari mu birori vyo gushingurana iteka Patiri Palémon Nkeshimana, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ati : Diyoseze ya Ngozi ihejeje kubura umupatiri abushitse,patiri Palémon. Yarizeye ukuzuka, Aaruhule amahoro. Ndishimira kuba namuherekeje gushika aho yashinguwe.’’

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Loui Michel Manirambona 2018-01-15 15:07:41

Imana Niyakire Iyo Ntumwa Yayo Mubwami Bwayo Kandi Iyoparoice Imana Iyironse Iyindintumwa Ibikwiye Amen

2
KAYOBERA J.bosco 2018-01-15 08:24:17

Imanaimwakirekuvy yayikoreye,nokuvyiza yakoreye Abachrist bokuriyo paroisse.

Kumenyekanisha