Natacha yafashwe amafoto yambaye akamwanya

2 25-09-2017 - saa 16:48, Egide NDUWIMANA

Hariko herekanwa amafoto atangaje y’umuririmvyikazi Natacha NGENDABANKA aho inyambaro yiwe yatangaje benshi. Ayo mafoto ariko akwiragizwa yafashwe Natacha ari mu giteramo giheruka kubera ku kibuga ca "Tempete".

Nk’uko yari yabivuze mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Natacha yari yemeje abari aho ko azokora ibara mu giteramo azosangira na Sauti Sol na Big Fizzo. Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyikazi yari yavuze ko azokwerekana koko ko ari umwamikazi w’uruhimbi (Podium).

Mu giteramo c’indirimbo n’intambo vy’ikibiriraho (Music Live), ari kumwe n’umurwi wiwe, Natacha ntiyatevye kwereka akabirya mu giteramo. Ako kabirya si akandi, ni amafoto yafashwe uwo munsi w’igiteramo. Aho Natacha aboneka yambaye impuzu iyobeye imeze nk’akamwanya n’ikirato kigera kw’ivi.

Tubibutse ko Natacha yari mu giteramo co kuri uwo wa gatanu uheze igenekerezo rya 22 Nyakanga 2017.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Bobar 2018-07-22 19:08:52

Nagerageze Kwereka Abanyamahanga Ko Natwebwe M’uburundi Hariho Aba Sitar

2
Buhingo 2017-09-26 12:12:10

Ivyo bavyita la folie! Mu kirundi umuntu yambara i sachet murazi ingene bamufata....!

Kumenyekanisha