Muyinga :Abakozi 3 b’ishirahamwe IRC bariko barangura imirimo ata ruhusha bari kubazwa n’inyamiramabi

0 12-10-2018 - saa 10:33, vianney

Abakozi 3 b’ishirahamwe IRC barafashwe n’abajejwe umutekano bariko bakora akazi kabo ku musi wa gatatu muri komine Muyinga mu ntara ya Muyinga mu gihe ibikorwa vy’amashirahamwe vyarahagaritswe.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza ,Pierre NKURIKIYE amenyeshako abariko bakora ibikorwa bafashwe ni Valentin KABANDIWA,Tharcisse MUSHENGEZI hamwe na Delphine MUSAVYIMANA kandi igiporisi cabimenyeshejwe n’abanyagihugu.

Ayo makuru avuga ko abo bafashwe bariko bakora akazi ataruhusha rudasanzwe bafise ,ubu bariko barabazwa mu giporisi c’inyamiramabi i Muyinga.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha