Musongati FC uza mu kibanza ca mbere k’urutonde mfatakibanza mw’ihiganwa mu cicaro ca mbere

3 27-08-2018 - saa 13:06, vianney

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere mu Burundi ryarabandanije ku munsi waryo wa gatatu imirwi ikaba yatsindanye uku gukurikira aho umurwi wa Musongati FC wirahiye umurwi wa Flambeau du centre ibitsindo 3 k’ubusa.

Umurwi wa Rukinzo watsinze 5 umurwi wa Ngozi City,Flambeau de l’Est wanganije igitsindo kimwe ku kindi na Aigle Noir mu gihe Buja City nayo nyene yanganije igitsindo kimwe ku kindi n’umurwi wa Kayanza Utd.

Umurwi wa Olympique Star watsinze umurwi wa Messager Buja ibitsindo 3 kuri 2,Vital’O FC yatsinze Messager Ngozi ibitsindo 2 kuri 1,Atletico Olympique yatsinze Bumamuru igitsindo 1 ku busa mu gihe umurwi wa Les Lierres watsinze umurwi wa LLBS4A ibitsindo 2 kuri 1.

Inyuma y’izo nkino,k’urutonde mfatakibanza umurwi wa Musongati Fc niwe uza mu kibanza ca mbere n’amanota 9,umurwi uza mu kibanza ca kabiri n’umurwi wa Aigle Noir ufise amanota 7,ubwa gatatu haza umurwi wa Olympique Star.

Kuva mu kibanza ca kane gushika mu kibanza ca 16 arico ca nyuma ,imirwi ikurikirana uku gukurikira ,Les Lierres,Atletico Olympique,Rukinzo,Messager Ngozi,Flambeau de l’Est,Ngozi City,Kayanza United,Messager Buja,Bumamuru,Vitalo FC ,Buja City,LLBS4A hamwe na Flambeau du centre uza ubwa nyuma.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NZAMBIMANA VENANT 2018-11-01 19:57:01

EGERE NOLEIZOKINA0NAND KUMUSI 14

2
Minani joseph 2018-10-15 19:15:04

Umufana wiyemera akunda inkuru namakuru mu burundi

3
MARISO 2018-09-03 10:31:39

YANIKE

Kumenyekanisha