
Musenyeri Gervais BANSIMIYUBUSA yahora ari umwungere wa Diyoseze nkuru ya Ngozi, yashikirijwe ku mugaragaro amabanga yo kurongora Diyoseze nkuru ya Bujumbura, asubiriye Musenyeri Evariste NGOYAGOYE agiye mu karuhuko k’izabukuru.
Ibirori vyo gushikiriza icese uburongozi bwa diyoseze nkuru ya Bujumbura Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA vyabereye kw’ishengero Cathedrale Regiba Mundi, mu gisagara ca Bujumbura, imbere y’abihebeye Imana batari bake.
Abasenyeri bavuye mu madiyoseze atandukanye yo mu Burundi no mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi, hamwe n’abapatiri barenga amajana abiri, nibo bitavye ivyo birori.
Reta y’Uburundi yaserikiwe muri ivyo birori, n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, gukundisha igihugu n’iterambere ry’amakomine.
Musenyeri Evariste NGOYAGOYE yahora ari umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasubirijwe kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 24 Ntwarante 2018, ku ngingo yafashwe na Papa Fransisko, Umwungere wa Ekereziya Gaturika kw’isi yose.
Iyo ngingo ya Papa Fransisko yafashwe inyuma y’aho Musenyeri Evariste NGOYAGOYE asabiye ko yotangura akaruhuko k’ubusaza.
Ako karuhuko ko muzabukuru kakaba kagengwa n’igitabo c’amategeko ya Ekereziya kw’isi yose, mu ngingo y’401 ku karongo ka mbere.
Ico gitabu c’amategeko kivuga ko Umwepisikopi ashikanye imyaka 75 ashobora gusaba gutangura akaruhuko ko mu busaza, aho tukabamenyesha ko Musenyeri NGOYAGOYE Evariste yasubirijwe mu gihe yari arumanije imyaka 77.
Nivyiz Kwibonera Abunger Bimitima
KARIBUNI BABA ASKOFU !
Murazigama iryo banga !!!