
Musenyeri Evariste NGOYAGOYE yahora ari Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasubirijwe kuva kuri uwu wa gatandatu. Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA yahora ari Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi akaba ariwe yamukoreye mu ngata, ku ngingo yafashwe na Papa Fransisko, Umwungere wa Ekereziya Gaturika kw’isi yose.
Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA yagenwe kandi kuba Umwepisikopi ahagarariye Diyoseze nkuru ya Bujumbura kw’izina rya papa Fransisko.
Iyo ngingo ya Papa Fransisko ifashwe inyuma y’aho Musenyeri Evariste NGOYAGOYE asabiye ko yotangura akaruhuko k’ubusaza.
Ako karuhuko ko muzabukuru kakaba kagengwa n’igitabo c’amategeko ya Ekereziya kw’isi yose, mu ngingo y’401 ku karongo ka mbere.
Ico gitabu c’amategeko kivuga ko Umwepisikopi ashikanye imyaka 75 ashobora gusaba gutangura akaruhuko ko mu busaza, aho tukabamenyesha ko Musenyeri NGOYAGOYE Evariste yasubirijwe mu gihe yari arumanije imyaka 77.
Ego imana ihezagire ahagiye imana ihezagire abagiye kuyobora.Ego ndamushimiye ukoyatwigishije ijambo ry,imana.
MAY GOD BLESS YOU YOUR EXCELLENCE.THANK YOU!
Turashimiye cane Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye ingene yatubereye umwungere mwiza, Turifurije na Nyenicubahiro Musenyeri Gervais banshimiyubusa kuroranirwa mu mabanga bashasha, Imana imuje imbere
Turashimiye cane Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye ingene yatubereye umwungere mwiza, Turifurije na Nyenicubahiro Musenyeri Gervais banshimiyubusa kuroranirwa mu mabanga bashasha, Imana imuje imbere
basha kabisa abarundi barasenga bakumvirwa nagende yaragisibije ahubwo nibarabe ivyo yaranguye nabi akwirikiranwe n’ubutungane afise uruhara mubagiye baragandagurwa muburundi kuntwaro za buyoya na bagaza