
Abantu 4 nibo bapfuye abandi 3 barakomereka inyuma yaho imodoka yo mu bwoko bwa “Remorque” igoganye n’imodoka “Probox” ahitwa Mubarazi ku birometero 4 uvuye ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya.
Amakuru atangwa n’abajejwe umutekano avuga ko abapfuye ari Saturnin Mudende n’umugore wiwe Immaculee,Georges SEMBWA hamwe na Venancie NIZIGAMA kandi bose bava mu ntara ya Cankuzo.
Ayo makuru avuga ko abakomeretse ari Razard SEBWA,Tomas Mozes Jackson hamwe na Immaculee KAMARIZA.
Imana yakire abo bayitavye mu Bwami bwabo
Nivyiza Cane Kuduha Amakuru
Turahojeje Umuryango Wabuze Bihangane Niko bimeze.
turasavye abajejwe umutekano w,ibarabara,ko bofasha abantu mu kugabanya umuvudukow,imodoka
Muragira Neza Cane Kuja Muraduha Amakuru Menshi! Muzohore Gutyo!
pole sana kumiryango yabo bavandimwe bagerageze kwihangana nubwo bigoye imana ibahe imbaraga