Michel KAFANDO asaba abanyeporitike b’Uburundi gutorera hamwe ibibazo vy’igihugu

0 13-09-2018 - saa 08:04, vianney

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi Michel KAFANDO asaba abanyeporitike b’Uburundi gukora ibishoboka kugira batorere ibibazo bihanze Uburundi hamwe no kuzokwitaba ibiganiro bigira gatanu bitegekanijwe mu misi irimbere.

Ivyo vyashikirijwe mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’intumwa idasanzwe mu Burundi y’umunyamabanga mukuru wa ONU inyuma y’urugendo yaramazemwo imisi mu gihugu c’Uburundi.

Muriryo tangazo Michel KAFANDO asaba amakungu kubandanya afasha reta y’Uburundi mu migambi y’iterambere.

Michel KAFANDO yaciye aja i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya mu ntumbero yo kubonana n’umuhuza Benjamin William MKAPA.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha