Menya kandi uronke amakuru agezweho n’igisata ca Lumitel "Sms Info"

1 24-10-2017 - saa 16:49, Egide NDUWIMANA

Ntimusigare inyuma y’ibigezweho mu kutamenya kuko ishirahamwe ryanyu Lumitel ribandanya ribazanira ama "Services" meza afasha abanywanyi kumenya amakuru atandukanye, bakama bazi ibigezweho.

Banwanyi ba Lumitel, menya vyinshi muciye mu gisata gishasha ca "Sms info". Ico naco akaba ari igisata ca Lumitel gifasha abanywanyi b’iryo shirahamwe kuronka amakuru agezweho y’ibijanye n’umupira w’amaguru, udukuru dutwenza, amakuru avurwa mu gihugu canke mu makungu ndetse n’ibijanye n’amagara y’abantu.

Mwipfuza gukoresha ico gisata, umunywanyi wa Lumitel asabwa kwandika ubutumwa bugufi burimwo igisata c’amakuru yipfuza kuronka akarungika kuri *880#.

Akarorero :

-  Mwipfuza amakuru ajanye n’umupira w’amaguru : Rungika’’Football’’ kuri 880

-  Mwipfuza kuronka amakuru avurwa mu gihugu canke mu makungu : Rungika "News" kuri 880

-  Mwipfuza kuronka udukuru dutwenza : Rungika ’’Joke’’ kuri 880

-  Mwipfuza kuronka amakuru y’ibijanye n’amagara y’abantu : Rungika ’’Santé’’ kuri 880

Ico gisata ca "Sms Info" kikaba kirihishwa amafaranga 50Fbu ku munsi, kandi amakuru agashikira umunywanyi inyuma y’isaha z’ibiri zo mu gitondo (8H).

Mushobora kandi kubandanya muronka amakuru mwipfuza igihe cose mu gasandugu kanyu.

Mufise ico mubaza, hamagara ku buntu ku nomero 100.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Shaneli Misigaro 2018-06-17 05:21:21

Mbakeyenagirandabpfurizeumusimwiza.

Kumenyekanisha