
Abantu bagera kuri 13 bo muri komine ya Nyanza mu ntara ya Makamba nibo bamaze kumenyekana ko bafashwe n’ingwara ya Korera. Abo bantu bose bari mu bitaro, abajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara bagasaba abanyagihugu kwubahiriza amabwirizwa y’isuku.
Abajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara bahamagarira kandi abanyagihugu kuvavanura n’ukunywa amazi yo mu kiyaga Tanganyila batabanje kuyateka.
Abo banyagihugu basabwa kandi kwubahiriza amabwirizwa y’isuku, ayo nayo akaba agizwe cane cane n’ugukaraba imbere y’ugufungura, ugukuraba bavuye mu kazu ka surwumwe, ukuronga ivyamwa hamwe n’ibiribwa vyose bidatetse imbere y’ukubifungura.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!