
Sentare nkuru ya Bujumbura yaciriye umunyororo wo gufungwa imyaka 30 kuruno wa mbere igenekerezo rya 13 Myandagaro 2018,uwitwa Ezeckiel MANIRAKIZA yagirizwa gufata ku nguvu hamwe no gukomeretse bikomeye umwigeme w’imyaka 18.
Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare Ntahinyuzwa,Agnes BANGIRICENGE amenyeshako Ezeckiel MANIRAKIZA yaciriwe kandi gutanga indishi y’akababaro kangana n’amafaranga imiriyoni 5 n’ibihumbi 647 n’amajana atanu y’amafaranga y’amarundi.
Ayo makuru avuga ko Ezeckiel MANIRAKIZA niyo ata tanga iyo ndishi y’akababaro azoca ahanishwa umunyororo w’agatsindikiro k’imyaka 4.706.
Nne Umuntu Anfunzw Imwaka Inganuk Bury Azoyimara Yose Mugasho?