Mairie: Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yakuwe murayo mabanga

1 17-08-2018 - saa 11:21, vianney

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere Benjamin MANIRAMBONA yakuwe murayo mabanga inyuma yaho afashwe yigize umunyeshure ariko akora ikibazo ca Reta “Exetat”.

Mu rwandiko uwuserukira imbere y’amategeko ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yasohoye,Elie NIRAGIRA amenyeshako we n’urwego ruhurikiyemwo inama y’abavyeyi bihweje ubusuma bwakozwe n’uyo muyobozi mu kibazo ca Reta,umugambi wo gutanga urupapuro rw’umutsindo k’umunyeshure atazwi hamwe no gukorera ikibazo ca Reta uwo munyeshure atazwi ,akuwe mu mabanga yo kuba umuyobozi w’iryo shure.

Elie NIRAGIRA avuga ko inama ihurikiyemwo abigisha hamwe n’urwego rw’abigisha bajejwe gufata ingingo ko umunyeshure yoronswa urupapuro rw’umutsindo bose bakuwe kuko bemeye gutanga urupapuro rw’umutsindo k’umunyeshure atigeze atonda mw’ishure.

Elie NIRAGIRA avuga kandi ko igikorwa co gutora umuyobozi w’ishure kigiye kuja mu maboko y’inama ihurikiyemwo abavyeyi barereye kuriryo shure.

Benjamin MANIRAMBONA yafashwe ku musi wa kane w’indwi iheze igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018 yambaye umwambaro w’umunyeshure w’ishure arongoye ariko akora ikibazo ca Reta mu kibanza c’umunyeshure ata menyekanye ku kigo c’ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
FREDDY RUGUMYAMUHETO 2018-09-02 10:14:58

TUBIPFURIJE IMIGISHA

Kumenyekanisha