
Sentare nkuru y’igihugu ya Ntahangwa yaciriye umunyororo w’impaga w’umwaka 1 n’amezi 6 hamwe n’ihadabu y’ibihumbi 800 y’amafaranga y’amarundi uwitwa Leonard BANKUWUNGUKA yagirijwe icaha co kudandaza inzoga zitemewe n’amategeko.
Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare Ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE avuga ko uwitwa Gerard NDAYISENGA nawe yaciriwe umunyororo w’impaga w’amezi 9 n’ihadabu y’ibihumbi 400 ku caha nyene co kudandaza inzoga zitemewe.
Ayo makuru abandanya avuga ko uwitwa Selemani GIPIRIPIRI nawe yahanishijwe n’iyo sentare nkuru ya Ntahangwa umunyororo w’impaga w’imyaka 7 ku caha co gucura hamwe no kwigana ibimangu n’ibindi bimenyetso vy’ubutegetsi.
kubisanze umwana yubahuka akagandagura sewiw nibara kumutememer iyaba vyakundatmwomufunze ubuzimabwiw bwos mpanuye we mpanura nabandi umuvyeyi nturabe ngo arashaje ngo uce wica ahohos ugez nikubera we yahakugejeje