
Inkoho imwe yo mu bwoko bwa AK47 ,ibikono vy’amasasu 7 kimwe kirimwo amasasu 15 ibindi 6 birimwo urusasu rumwe rumwe nivyo vyafashwe n’igiporisi muri karitiye ya Kabondo haruguru yahitwa Sabemelli.
Amakuru dukesha umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyeshako ivyo bigwanisho vyafashwe mu nzu ibamwo abahindi babiri kandi vyari mw’igunira rinyegeje mu gisenge c’inzu .
Pierre NKURIKIYE avuga ko igiporisi kimaze guhabwa amakuru caciye kigenda kusaka muriyo nzu.
Ayo makuru amenyeshako ababa muriyo nzu baciye bafatwa kandi icegeranyo cavyo kiza canditswe n’inyamiramabi.
I byo sibyo iyo baba abarundi ubwa naho ahahinde!!! bararengana bashaka kubambura ibyabo ntaho bahuriye nibyo,
Iconovuga ubwo nubusuma butagira aho buhagaze uko nukurondera ingene bobiba ivyabo izonkoho abo bagiye gucaka nibo bazitwaye bazishira munzu yabo abahindi nta ntambara bigera bagira nta busuma bakora babapfunge canke bakore ico babona ariko bamenye ko bagomba kubiba.nzovuga ukuri ahonzoba ndi hose kandi umukuru w’igipolisi niwe abatuma kwiba
Bahanwe Hatitaweho ko ari abanyamahanga