
Ikiziga c’uwitwa Christophe NDAYIKENGURUKIYE catowe igihe c’isaha icumi z’ubuca ari kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Gitugutu umwaka wa 2018 kw’ibarabara ry’i 7 inomero 37 muri zone Bwiza mu gisagara ca Bujumbura.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza ,Pierre NKURIKIYE avuga ko uyo Christophe NDAYIKENGURUKIYE ata gikomere na kimwe afise k’umubiri wiwe kandi yaba aho nyene mu Bwiza kuriryo barabara ry’indwi ku nimero 47.
Ayo makuru abandanya avuga ko Christophe NDAYIKENGURUKIYE yavuka ku mutumba Mpehe i Bugarama mu ntara ya Muramvya.
Igiporisi kijejwe iperereza nigikore ibishoboka bumve icishe uwo christophe
Ariko Mana!Kuk Mu Burund Hama Havugwa Abatow Ibiziga?