Mairie –Buterere : Akarwi k’abanyeshure 7 bugaranye umuyobozi wabo mu biro

2 24-09-2018 - saa 15:48, vianney

Akarwi k’abanyeshure 7 bo mu mwaka wa nyuma kw’ishure ryisumbuye ryigisha ivy’ubuvuzi muri karitiye ya Buterere ya 2 mu gisagara ca Bujumbura bugaranye umuyobozi w’iryo shure kuruyu wa mbere bamusaba ko abashirira umukono ku mpapuro z’umutsindo zabo.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza ,Pierre NKURIKIYE avuga ko abo banyeshure uko ari 7 bugaranye uyo muyobozi bongera bamwaka iterefone ngendanwa yiwe.

Ayo makuru avuga ko abo banyeshure basaba ko bashirirwa umukono ku mpapuro zabo kandi batamenye.

Uyo muvugizi w’ubwo bushikiranganji avuga kandi ko abo banyeshure uko ari 7 bari imbere y’inyamirabamabi.

Abo banyeshure uko ari 7 ni Epson NIYONKURU,Yvette NSAVYUMUKAMA,Lidine MUKECURU,Oda NZEYIMANA,Marie Louise NDAYIKEZA hamwe na Francoise NUKURI.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Niyonkuru Juma 2018-10-11 15:00:56

Abo Banyeshure Bakwiye Kuja Imbere Yabacamanza Bagashengezwa

2
Dumbuli 2018-10-01 16:18:02

iyi nyifato y’aba banyeshure sivyo kandi hagwiriye ko abigeme yewe! bakwiriye ibihano bakigishwa ko urupapuro rw’umutsindo yarusinya bobikoreye bakamenya atari gusa canke ku nguvu z’igitugu bitari ivyo bazohanwa birukanwe bazosaze batamenye.

Kumenyekanisha