Mairie: Amazu adandarizwamwo hafi y’ishure Stella Matutina yasambuwe

1 17-08-2018 - saa 18:15, vianney

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura cabomoye kuruno wa gatanu igenekerezo rya 17 Myandagaro umwaka wa 2018 amazu adandarizwamwo yubatswe hafi y’ishure ryitwa Stella Matutina hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako ayo mazu y’ubudandarizo yari yubatswe hadakwirikijwe amategeko kandi abo vyega bari bamaze kugabishwa incuro nyinshi kugira bahagarike izo nyubako ariko ntibavyumviye.

Pierre NKURIKIYE avuga ko ico gikorwa cakozwe n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura bafatanije n’igiporisi kandi igikorwa carangiye atakintu na kimwe cononekaye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Kagabo 2018-08-24 00:47:15

Bavukanyi mwibagiye ko igihe c’akajagari caheze? Fini le Burundi en désordres?? Fini c’est fini.

Kumenyekanisha