MINUSCA : Umusirikare w’umurundi yitavye Imana yishwe n’abitwaje ibirwanisho

7 12-06-2018 - saa 11:31, MUGISHA Van

Umusirikare w’umurundi ari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique mu rwego rwa MINUSCA yarishwe , uwundi umwe akomeretswa n’abantu bitwaje ibirwanisho, mu gace ka Bambari kari hagati mu gihugu ca Centrafrique. Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres akaba yaciye ahoza umuryango w’uwabuze yipfuriza kandi uwakomeretse gukira.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, amenyesha ko yibukije ko ibitero bikorwa ku basirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bija mu rwego rw’ivyaha vyo mu ntambara, kandi ko abakora ubwo bwicanyi bashobora gufatirwa ibihano.

Antonio Guterres asaba abategetsi b’igihugu ca Centrafrique gukora ibishoboka vyose kugira habe amatohoza azotuma bamenya ababikoze, gutyo bashikanwe imbere y’ubutungane.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, amenyesha ko umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, yemeje ko abandanya ashigikira MINUSCA mu twigoro two gukingira abanyagihugu no kuronderera umutekano igihugu ca Centrafrique.

Ku ruhande rwa MINUSCA, bariyamiriza ico gitero cabaye kur’uyu w’Imana, bakiyamiriza kandi irwirirana ry’ibitero ku basirikare babo, bakemeza ko bagiye gukora ibishoboka vyose kugira abakora ubwo bwicanyi bashikanwe imbere y’ubutungane.

Abaye umusirikare agira gatanu w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yitavye Imana yiciwe mu gitero, kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wa 2018, ico gitero naco kikaba kibaye ica kabiri mu ndwi imwe gusa.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Bayisabe Augustin 2018-06-18 20:16:54

Ntaworeka Gushima. Abarundi Benshi Twaranezerewe Kwumva Ashikirije. Yerekanye Ko Ari Umugabo

2
bayaga salvator 2018-06-18 20:06:04

IYo boje kugarukana umutekano mugihugu cabo .ahubwo iyobahone bose.kuko natwe abarundi turahonye,

3
NZOKIRA NTEVYE 2018-06-14 20:57:28

Nibareke Baherereyo Niburundi Mbona Abanyagihugu Bariko Baritswa

4
Nibafasha Protais 2018-06-13 23:48:21

Ntakund Imana Imwakire Mug Barek Kuja Baragaba Ibitero

5
Niyibitanga davis 2018-06-12 20:32:40

Imana imwakire mubwami bwayo

6
Mama 2018-06-12 14:34:21

@Busurahenda sha umurundi yemerewe kuba ahashakahose mugihugu ashaka, nizerekorero wamaze kwigirakwibera muri Centr’Africa.

Hanyuma uwomunyamabanga mukuru wa UN nambarumwaka muto abafise numva atarikuvuga kwahojeje umuryangowabuze gusa yarikuvuga nigihugu cu Burundi kocabuze bishobotse akongeraho nibindi

7
Busurahende 2018-06-12 12:40:24

Je nibaza ko Centrafrique irusha amahoro igihugu cacu c’ Uburundi. Kuva muri 2015 abantu babandanya bapfa, abobakingiye babajanye za Somaliya na Centrafrique canke bariko barifatira urukanwa mu bubare ngo "bica akanyota" nk’uko vyagenze ku mpera y’indwi ku Rutonde muri Gitega.

Kumenyekanisha