Londres : Usain Bolt yarushijwe mu kwiruka imetero 100

0 7-08-2017 - saa 09:41, IGIHE

Inyuma y’imyaka itari mike ari mu kibanza ca mbere kw’isi mu kwiruka imetero 100,umunonotsi w’umunyajamaica Usain Bolt yatahukanye ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa ririko ribera mu gisagara ca Londres mu gihugu c’Ubwongereza,yirutse imetero ijana mu masegonda 9 n’ivy’ijana 95.

Usain Bolt yasizwe n’umunyamerika n’abanayamerika babiri Justin Gatlin yirutse izo metero ijana mu masegonda icenda n’ivyijana 92 (9’92) hamwe na Christian Coleman yirutse imetero ijana mu masegonda 9 n’ivy’ijana 94 (9’94).

Umunonotsi Usain Bolt ubu afise imidari 11 y’inzahabu mu mahiganwa mpuzamakungu n’imidari 8 y’inzahabu mu mahiganwa asanzwe, yabaye uwa gatatu,ibintu bitaheruka kuboneka kuri we.

Aya niyo mahiganwa ya nyuma umunonotsi Usain Bolt agize kuko agiye guhagarika ivyo kwiruka.

Imbere yuko ahagarika ku mugaragaro, bitegekanijwe ko azokwiruka kandi imetero 100 zirukwa n’abantu bane bahanahana inkoni.

Kuva mu mwaka wa 2008, umunnotsi Usain Bolt ntiyari bwatsindwe mu mahiganwa akomakomeye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha