
Bamwe mu banyamigambwe basaba ko ibwirizwa nshingiro rishasha ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA ryoca rishirwa mu ngiro vuba kugira ibiririmwo bije mu ngiro,abandi nabo bavuga ko ivyokorwa vyose kuriryo bwirizwa nshingiro ata bihinduka kuko ataco rifasha ku buzima bw’abanyagihugu
Umukuru w’umugambwe APDR Gabriel BANZAWITONDE avuga ko ico basaba mu mugambwe iwabo aruko iryo bwirizwa nshingiro rishasha ryoca ritangura gukora kugira umukuru w’igihugu akoreshe ububasha rimuha.
Gabriel BAZAWITONDE yavuze ati: “Dusaba ko iri bwirizwa nshingiro rishasha ritangura gukora kugira umukuru w’igihugu atangure gukoresha ububasha yahawe n’abanyagihugu.”
Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA avuga ko ivyo gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha ataco bibabwiye mu mugambwe wabo kuko ataco bihindura ku buzima bw’abanyagihugu.
Leonce NGENDAKUMANA yavuze ati: “Ntibituraba muri FRODEBU kuko ataco bihindura k’ubuzima bw’abanyagihugu. ”
Leonce NGENDAKUMANA yavuze ko icari kwihutirwa kwari kwicarira ibibazo vy’ubukene,inzara hamwe n’ibindi vyugarije abanyagihugu.
Ico cegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU avuga ko bazobandanya urugamba rwabo kugira abarundi babane mu budasa bwabo kuko umuntu ategerezwa kwubahirizwa uko aba ari kwose.
JEWENDUMVA_IVYOABANYEPORITIKEBAVUGABIKANTANGAZA.WOMENGONABANTUBAKUNDACANEABENEGIHUGU.UMUNYEPORITIKEWAMBERENEMERANKURUNZIZAGUSA.WEWEYANYIGISHIRIJEUMWANAKURIGUSA.
Leonce kwavuga ngo abanyagihugu bafise inzara nibazako ariwe afise inzara abandi bontanzara bafise
Inzavyi Zamyeho Kandi Twebwe Turashigikiye Mutama
ntakugugumwa nico Nobabwira
Birantagaje! Mbega uwoyoba ariwa Leonce Ngendakumana yarimubarihafi yanyakwigendera incungu ya Democratie Ndandaye? Nonekwubu mengo aragaragara muvyiyumbiro gayemwe?